Abakunzi b’umuziki ndundi T Max muramuzi mu murwi Wanajeshi umurwi benewo bama bemera ko ukiriho ariko ibikorwa vyabo bitagaraga cane.
Nkuko indundi Magazine twama tubikora n’abari mu gifuri turabasangayo, twahavuye turondera T Max akaba yatwishuye ibi bikurikira mu kiganiro twakoranye
Indundi:T Max uracari muri wanajeshi?
T max:Ego caneee
Indundi:Agacerere kawe kagamije iki?
T max:harivyo ndiko ndakora vyerekeye ubuzima busanzwe vuba ndagaruka ku kivi.
Indundi:kenshi iyo abaririmvyi bagiye hanze umengo akazi k’umuziki ntibasubira gukora wewe ubisigura gute?
T max:biravana kuko kenshi tuba duhinduye ubuzima budusaba ko twokora mu kwiteza imbere bitandukanye n’ingene tuba turi muhira
indundi:n’igiki uriko urategurira abakunzi bawe?
T max: ndiko ndategura Album nubu ntaratorera izina mfise amazi 2 maze kw’iyumvira mugabo nubu ndacarondeza kugira tuzoyishire ahabona ifise akanovera
Indundi: ukorana na management canke ni kugukiti cawe?
T Max : mfise umurwi w’abantu dukorana bidatandukanye cane na management kuko ni nkumuryango ninabo bihweza hamwe ibikorwa tugira dusohore nukungene twobisohora
Indundi:abaguheruka kera kuri stage yo mu Burundi bakwitege ryari?
T max:ikintu nyamukuru ndabemereye n’uko vuba bagiye kubona ibikorwa vyanje bishasha Kandi ndazi bazoryoherwa ikibazo naco co kumbona bizovana, ikigihe murabona ko bitoroshe ikikiza( Corona) cononye vyinshi nanje ndarindiriye nkuko n’abandi barindiriye
Indundi:ni akahe kajambo ku bakunzi bawe?
T max: ndabakunda cane nibo bankuye kure ntacomfise nobariha atari kubaha umuziki ubamara inyota
Twarangije tumushimira tumwibutsa yuko akumbuwe mu gihugu.