Inkino

Ngiyi impamvu yatumye Egypte isaba Uburundi urukino rwa kivandimwe

Inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu rugamba utsindiwe na Maroc igitsindo 1-0 mu rukono rwa nyuma rwo kurondera itike yo kwitabira CAN 2022 izobera muri Cameroun naho bwakinye urwo rukino bumaze kumenya ko butazokwitabira izo nkino , igihugu ca Egypte carashimye cane ingene Uburundi bwakinye gica gisaba y’uko bokina urukino rwa kivandimwe.

Urwo rukino rwa kivandimwe rukaba ruzofasha umugwi nserukira gihugu wa Egypte kwitegurira neza inkino za CAN yimirije mu mwaka, rukazobere muri CAIRE igenekerezo rya 03 Ruheshi umwana wa 2021 nk’uko vyashikirijwe n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reverien Ndikuriyo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037