Inkino

Gael Bigirimana yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze urukino muri Irland

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2021, niho umugwi Glentoran Fc ukinamwo umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba wakina urukino rw’ikirarane rw’indwi ya 30 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Irland n’umugwi Coleraine, urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi inganije ibitsindo 2-2.

Urukino ruheze umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Gael Bigirimana yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze urwo rukino ( Man of the Match) bikaba vyerekana y’uko uwo mukinyi ari ku rugero rwiza cane rushimishije.

Mwomenya y’uko umugwi Glentoran usanzwe ukinamwo Gael uri mu kibanza ca gatatu mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Irland.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037