IKIRUNDI_news

Iki nico Umukirisu mushasha, Mow Kanzie, yemereye aba Musulman muri ibi bihe vy’amafungo

 

Ijambo ry’Imana rivuga ngo ico udashaka ko bagukorera nawe ntugikorere abandi,  ivyo nivyo umuririmvyikazi Mo’w kanzie akaba n’umukirisu mushasha yaraye yiyemeje muri bino bihe abari mw’idini rya Islam batanguye imisi 30 y’amasengesho ya “Ramadhan”.

Iyo ngendo yo gushima yaraye yerekanye ngo irafise ikiguzi nkuko yabishikirije mu rwandiko yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu gice ca Storie. Uwo muririmvyi wa “Ndapfuha ” avuga ko aba Musulman ngo bazomushimira mu kumutumira ku musi w’umukuru wa “Eid El Fitr”.

Ku basanzwe bakurikirana urubuga rwa Instagram rw’uwo muririmvyikazi akaba akunze kwifotoza ariko arafungura, eka mbere akanashirako utwo aba yashimye kwihereza, turimwo Ibinyobwa n’ibiribwa biba biteye igomwe.

Ico gikorwa c’ugushirako ivyo aba ariko yihereza ngo nico giye kugabanya kugira muri bino bihe vy’amasengesho. Ingendo nziza kugira umuntu ntateshe umurongo abandi baba bari mu mafungo.

Yagize ati : “ Aba Musulman bose amafungo meza, Jewe ndemeye contribution yo kugabanya gu posta inrya comme ca muzonshimire muntumire kurya I pilao kwi laid Bisous Rero. ”

Ivyo uwo muririmvyikazi akaba abishikirije mu gihe aheruka kwemera kubatizwa mu mazi menshi, ico bibiliya ivuga ko ari ikimenyetso co kwemera kuba mushasha, kuko uba wemeye gupfa ukazukana na Kirisu. Iyo ntambwe akaba yayiteye mu ndwi iheze ku musi Abakirisu bahimbaza umusi wahariwe izuba ry’uwo mwami yaje gucungura isi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037