IKIRUNDI_news

Mireille kami ngo ntazoruhuka umurimvyikazi w’Umurundi adashitse kure

Keza Mireille niyo mazina yahawe n’abavyeyi akaba azwi kw’izina rya Mireille Kami n’umuririmvyikazi avuka  mu ntara ya Ngozi kuva 2014 akaba abarizwa mu gihugu c’ Ubufaransa.

Kami akamenyesha ko akunda cane igihe abari mu Burundi, kandi ari nayo nyota afise muri kino gihe.

Bimwe muvyo tumaze kubona kuri uwo murundi kazi ni urukundo na cane cane iyo arikumwe n’abaririmvyikazi bagenziwe.

Kami akaba ari nawe yazanye iciyumviro cuko abakenyezi b’abaririmvyikazi bakoreye hamwe boronka umusaruro ushimishije niko gutanguza umurwi witwa (our power) uhurikiyemwo abaririmvyikazi batari bake nka Chany Queen,Olga,Esther Nish,pamy Queen,Bernise the bell….n’abandi benshi bunze urunani kugira bakorere hamwe
bakoresha impano zabo.
Indundi ikaba yashimye kumenya zimwe mu ndoto ziwe:

Akaba yateishuye agira ati:”

Ubwambere na mbere ndafise indoto y’ukubona abaririmvyikazi bari hamwe bunze ubumwe mu bintu bitari bike ntibagiye n’imigambi yo kwiteza imbere, barikumwe bose nubwo ibikorwa vy’umwumwe kuruhande rwiwe twobigumana.”

Arabandanya agira ati:”Burya barayamaze bati imitwe ikora ikoranye, kandi bati ahari urukundo n’ishaka vyinshi biragenda neza,ni ibintu mbere bisa n’uko bimaze umwanya bitanguye kuja mungiro nubwo bitaragera ku rugero ndavyipfuza. ”

Yarangije avuga ko afise indoto y’ukubona umuririmvyikazi wese ashobora kwicara umunsi umwe, akavuga ati” Irya myaka yose namaze nkora sinariko ndafyina nkuko benshi bakunda kutubona, ahubwo nariko ndondera kazoza kanje n’akabanje, uyu munsi ndafise uburyo butuma mbaho neza nkakora akazi kanje ntahangayitse, impano yanje n’akazi kanje karubashwe ku gwego nk’ubwubundi buzi.”

Tumubajije ko gukora umuziki ari mu mahanga biramworohera agira ati:

“Ntivyoroshe cane kuko bisaba kubanza kumenyera akarere urimwo uko bakora ivyo basaba rimwe na rimwe bitandukanye nuko mba narimenyereye gukora iwacu i Burundi, ariko ndagerageza kubandanya nkora uko nshoboye kuko icukunda uracihebera niko
abakera baciye umugani.” Gusa kenshi ndanakunda kuguma nkorana n’abarundi kuko nibo usanga batahura cane ivyo nipfuza gukora eka bakanamfasha kugira bigende neza.”

Yarangije ashimira abamukurikirana bose, ndetse na Indundi Magizine uko yitaho abamyabuhinga n ‘ubumenyi.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037