IKIRUNDI_news

Sat-b yatanze umuco kucatumye ari Imana ishiraho ukwezi kweranda kwa Ramadhan

Ku musi w’ejo umuririmvyi Sat-b yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwiwe rwa Facebook ubutumwa aho yagarutse ku kamaro k’ukwezi kweranda kwa Ramadhan.

Mu butumwa yatanze ari mu modoka yiyunguruza, yamenyesheje ko abantu bose bashobora gufunga ukwezi kweranda kwa Ramadhan. AHo akaba yanahisemwo no gutumira abatari ama Musulman muri ayo mafungo.

Sat-b yanagiriyeko avuga impamvu Imana yagacuye gushiraho ukwezi kweranda kwa Ramadhan, aho yamenyesheje kwari kugira n’umutunzi nawe yumve uko abantu ataco bafise babaho nabo. AHo akaba abivuga yisunze ko ngo hari abantu kuri ino si yaremwe na rugira batamenya uko inzara iryana.

Yagize ati : “Imana Yazanye Ramadhan kugira ngo imenyeshe abatunzi, ibereke ubuzima n’abakene bafise. Iyo ufunze uri umukene,umutunzi ntufungura. Rero Imana yashatse kwumvisha abatunzi ukuntu inzara Imera, kuko inzara imerera nabi abaneke.”

Mu babashije kugira ico bashikiriza, hakaba harimwo abatari bake batahuje nawe aho bamubwiye bamwe ko atazi ivyo ariko aravuga, ariko kandi hakaba hari n’ababaza nimba yafunze wewe, canke nimba nawe  hari ico ateganya gufashisha abantu batishoboye.

Sat-b yabonetse yahinduye ibintu ku mutwe, kuko ama Dred yarasanzwe afise yari yayamoye, ariko kandi yabonetse agendesha Imodoka atambaye sentire, ariko kandi atanambaye agafukamunwa, ivyo abamukurikirana bataretse kumwibutsa, mbere banamwumvisha ko gukora Live kuri Facebook ariko agendesha Imodoka ngo atari vyiza na gato, kuko yohava agonga inzirakarengane.

Mwomenya ko Sat-b asanzwe ari umu Musulman, n’uwabaye umutambukanyi wiwe wa mbere ariwe bavyaranye abana 2 muri 23 asanzwe afise nawe yari umu Musulman kandi bari baranakoze ubugeni bwo mumusigiti imbere y’abakozi b’Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037