IKIRUNDI_news

Miss Burundi 2021 ngo ivy’umuhungu bakundana ntashima kugira ico abivugako

 

Abarundi barayamaze ngo Ijambo rigukunze rikuguma mu nda, Miss Burundi ngo ntashima kugira ico ashikirije ku muhungu bahora bakundana, imbere yuko acagurwa muri bensho ngo agirwe Miss Burundi.

“Ko wabaye Miss, umuhungu mwahora mukundana Bigiye kugenda gute?” Ico nico kibazo Miss Burundi 2021 yabajijwe mu kiganiro aheruka kugirana n’ikinyamakuru Jimbere Magazine casohotse kuri uyu w’Imana.

Muri ico kiganiro uwo mwigeme afise imyaka 19, buca akwiza 20, yaravuze bimwe mu vyoranga umuhungu yipfuza.  Ukuba akajijwe kandi akaba yubaha Imana, akanayitinya nivyo biza Imbere mu vyo ashima ku muhungu.

Ku kibazo c’umuntu amw-inspira, uwo munyeshure wa Bujumbura International University yavuze ko ari abatari bake ariko ko uwuza imbere y’abandi ari Yezu kirisu.

Miss Iteka Livia Thiana yabajijwe n’umuririmvyi akunda, aho yavuze Appolinaire mu baririmba indirimbo zihimbaza Imana, kuko ngo arizo akunda kuririmba gusumba izindi.

Mwomenya ko ikibazo c’ukundakundana kwa Miss Burundi n’umuhungu mu gihe akiri Miss cavugishije abatari bake, kuko bamwe bamwe batabona akamaro kavyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037