IKIRUNDI_news

Chany Queen ngo si agacerere arimwo n’ibikorwavyinshi

Gitare channelle Monia azwi kw’izina rya Chany Oueen yavukiye mu bitaro Roi khaled nayo komine yavukiyemwo akaba ari Nyakabiga.

Umuntu ashobora kwibaza ko ivyo kuririmba yabihevye kuko asigaye aboneka mu mareresi cane.
Indundi Magazine ikaba yaramwegereye kugira atange umuco
Ikiyago kikaba cari kimeze uku gukurikira :”Tuvuze ko urimugacerere wewe ubisigura gute?

Chany Oueen:Iyo umuntu ari mu gacerere Hariho vyinshi abantu batamenya, bishoboka ko mba ndiko nditegurira ibintu vyiza canke ndi mu bindi nkuko namaze kuvuga ko ndi mu bintu bibiri film n’umuziki ni ukuvuga batabonye indirimbo nshasha, hariho film ziguma zisohoka.

Hama abakunzi banje bashaka kunkurikirana mu ma film barashobora kuraba kuri more time tv
Kuri youtube bazobona ko ntari mu gacerere

Indundi magazine:”None iyo Tv niyo Chany yuguruje canke niyo bafitanye amasezerano?”

Chany Queen: dufitanye amasezerano
indundi magazine: yagute azohera ryari?
Chany Oueen: sinshimye kiyavuga ariko vuba nzoyavuga

indundi magazine:None kuririmba no gukina ireresi ni icahe uha ikibanza ca mbere

Chany Queen: vyose ndabikunda kuko nasanze ari impano yanje kandi ndagerageza vyose kubironderera umwanya.

Chany Queen akaba akengurukira abakunzi biwe abasaba kutarambirwa kuko ibikorwa bihari , anakengurukura indundi kubona itabaheba igumana n’abanyabuhinga n ‘ubumenyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037