Inyuma yo kwitwarira Umugwi Yang Africans mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FIFA , Umugwi Yang Africans wahise uriha Amissi Tambwe amahera yiwe yose wari umufitiye.
Umusatirizi w’umurundi Amissi Tambwe akaba yaramaze igihe yishuza Yang Africans amahera angana n’imiriyoni 49 zamashiling yo muri Tanzania .
Mu misi iheze rero niho uwo mugwi wamushirira kuri Compte ayo mahera yose uwo mukinyi yishuza.
Mwomenya ko Yang Africans yari yafatiwe ibihano vyo kutagura abakinyi bashasha mu kiringo c’imyaka 3 n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu kw’isi FIFA mugihe batoriha uwo mukinyi amahera yiwe .