IKIRUNDI_news

Naho Diamond aharurwa mu bahonji ba cane, ngo ashobora kuba agiye kugura

Naho abarundi bavuga ngo umuhonji wa Cane ntagura, Nasibu Abdoul Juma ashobora kuba agiye kugura, naho arahurwa n’ibinyamakuru bitari bike mu bahonji bakomeye muri Africa y’ubuseruko.

Urugendo Nasibu arimwo muri Africa y’epfo rushobora kuba atari urwo gukora umuziki gusa, nakare umugani w’imigere ibiri idatereka utakigezweho kuko abashinwa bamaze kuboneka. Amashusho agize imisi aboneka hirya no hino n’amajambo yandikwa, n’ayanditswe haraheze imisi yerekana ko Nasibu ashobora kuba yasubiye kandi kuresha mama w’abana biwe, kandi ko ibintu vyoba biriko bifata inzira nziza.

Ivy’uko ibintu hagati y’abo bavyeyi babiri bishobora kuba bihagaze neza bikaba vyerekanwa n’amajambo ariko ashirwa ahabona n’abantu begereye Diamond, hamwe n’ico uwo muririmvyi ubwiwe abivugako.  Amwe akaba ari nk’ico Romy asanzwe ari icegera ca Diamond muri Wasafi, DJ Officiel wiwe akaba kandi n’umwe mu bari mu muryango wiwe yashize ku rubuga rwa Instagram aho yanditse mu giswahiri ko Zari ari Shemeji.  Bamwe bakaba bavuga ko ashobora kuba azoca akora ubugeni,nkuko amashusho y’amajambo amwe amwe ashobora kuba yavuze avyerekana ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ariko naho bivurwa ko ibintu bihagaze neza hagati yabo, abantu bakaba batosya bwose kubera ugusubiza hamwe kwabo kwarigeze kuvugwa mu myaka yahera ariko inyuma yahoo bikaba vyahavuye bimenyekana ko ata gusubiza hamwe kwari guhari, ariko yari indirimbo iriko irakorwa kandi na Zari yabonetsemwo, ico gihe akaba yarishwe amafaranga atari make ngo aboneke nkaho boba basubiranye.

Itandukaniro ariko rihari hagati y’iki gihe hamwe n’ico gihe caheze, nuko muri kino gihe Zari yagiye muri Tanzania ahakozwe ibiganiro bitari bike mu nsamirizi zitandukanye, mu gihe ubu Diamond ari muri South Africa aho azomara ukwezi kwose, akaba yavuze ko imvo yamujanye ari ukuja gukora indirimbo ziri mu rukurikirane azoshira ahabona muri uno mwaka nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036