BurundiBusinessEconomyhomepageIKIRUNDI_news

Abagendesha amapikipiki badakwije ibisabwa bahagurukiwe

Kuva kuri uno wa kane igenekerezo rya 6 Rusama 2021 nta muntu yunguruza abantu n’ibintu kw’ipikipiki atagira uruhusha rwo kuyigendesha hamwe n’urupapuro rwerekana ko yarishe muri “Assurance” yemerewe kugendesha ico cuma mw’ibarabara ryo mu ntara ya Gitega.

Ivyo bibaye inyuma y’ivyashikirijwe na Buramatari w’intara ya Gitega, Venant Manirambona ejo haheze kuwa 5 Rusama mu nama yagirishije abagendesha amapikipiki n’amakinga mu ntumbero yo kubibutsa ko bategerezwa kwubahiriza amategeko agenga ibarabara.

Muri ayo mategeko harimwo kwirinda gukora ijoro, gutwara abantu barenze hamwe no kwubahiriza ibituro barekuriwe gukorerako, abo bose cokimwe n’umunyagihugu wese akaba yabahamagariye gufasha kurwanya igiturire mugushengeza ababikora.

Abagendesha amapikipiki nabo bamusavye ko yobasabira kugira amafaranga angana n’ibihumbi mirongo irindwi na bibiri bariha y’ubwishingizi inyuma y’uko amezi atatu aheze yogabanuka kuko ngo ni menshi.

Buramatari w’intara ya Gitega yabemereye ko azobishikiriza abo vyega aca anabemerera ko ibijanye no kuraba ko ivyuma bigikomeye (contrôle Technique) vyahora bikorerwa i Bujumbura, ubu bagiye gukora ibishoboka vyose kugira bikorerwe n’i Gitega.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719