Inkino

# Indundi Sports | Eden Hazard yasavye imbabazi abakunzi ba Real Madrid

 

Inyuma y’urukino rwo gusubiriza rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe ca UEFA Champions league aho Chelsea yirahiye Real Madrid Ibitsindo 2-0 , umukinyi wa Real Madrid Eden Hazard yagaragaye ariko aratwenga n’abakinyi b’umugwi Chelsea ivyababaje abakunzi b’umugwi Real Madrid.

Abicishije ku rubuga ngukurana bumenyi rwa Instagram yiwe , yasavye imbabazi abakunzi ba Real Madrid ababwira ko atari afise intumbero yo kubababaza.

 

Sivyo gusa vyababaje abakunzi b’uwo mugwi kuko no kubona kuvaho ashikiye muri uwo mugwi ata n’umusaruro atanga uhagije .

Mwomenya ko Eden Hazard ariho yarakigaruka gukinira ku kibuga ca Chelsea Stamford Bridge inyuma yo kugurwa na Real Madrid umwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037