Inkino

# Indundi Sports | Denis Onyango yahawe imodoka na Prezida Museveni

 

 

kuri uwu wa kane igenekerezo rya 06 Rusama 2021 , Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu ca Uganda ari kumwe n’umushikiranganji w’inkino n’imicokama hamwe n’umutambukanyi wiwe  barashoboye kugabira Umuduga uwahoze ari kizigenza w’umugwi nserukira wa Uganda Denis Onyango bivanye n’uko yariyangiye igihugu mu kugikinira inkino zitari nke .

Onyango akaba yaraye ahawe umuduga udasanzwe uri mu bwoko bwa Sports Pajero nkuko vyashikirijwe n’ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Uganda .

Uwo mukinyi w’umunyegori asanzwe akinira Umugwi Kaizer Chief wo muri Africa yepfo yamenyesheje ko ahagaritse ivyo gukinira umugwi nserukira gihugu wa Uganda igenekerezo rya 12 Ndamukiza Umwaka wa 2021.

Akaba ahagaritse gukinira uwo mugwi afise imyaka 36 y’amavuko yawukiniye inkino zishika kuri 70 kuva mu mwaka wa 2005 awufasha no kuwushikana mu nkino za africa CAN .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036