IKIRUNDI_news

Esther Nish ngo Urwo ruhererekana rw’ibiteramo ni no mu ntumbero yo guhimiriza gutembera Uburundi  

Uruhererekane rw’ibiteramo, n’ishirwa ahabona ry’urukurikirane rw’indirimbo nivyo umuririmvyi Esther Nish n’abasahirizi biwe, Bukiv Label bari baramutse bayagira abamenyeshamakuru ku musi w’ejo igenekerezo rya 7 rusama.

Ivyo biteramo bizobera hano iwacu, Nish akaba yamenyesheje ko bahisemwo intara 4 za mbere kugira abe arizo baheramwo, ariko ngo uko imisi izogenda niko bashobora kwongeramwo n’izindi. Izo bahisemwo mu ntango akaba ari Ngozi,Gitega, Bujumbura Mairie hamwe na Rumonge, izo nazo zikaba zahiswemwo bivanye n’uko arizo ntara zikunze kwitabira ibiteramo n’ukuryohererwa umuziki gusumba izindi.

Mu kiyago yagiranye na Magic Channel Tv, Nish yavuze ko urwo ruhererekane rw’ibiteramo ari no mu ntumbero yo guhamagarira abantu gutembera Uburundi. Ariko bakaba batamenyesheje neza neza ikirangamisi c’ivyo biteramo.

Izo ndirimbo zizoba ziri mu rukurikirane ruzoshirwa ahabona mu kwezi kw’12, uwo muririmvyikazi yamenyesheje ko zizoba zigizwe n’indirimbo zose yakoze kuva atangura umuziki, ariko kandi akaba yavuze ko hazoba harimwo na nshasha, naha akaba atigeze avuga igitigiri c’izo ndirimbo uko zizoba zingana.

Nish akaba akoze ico kiganiro inyuma y’igihe ashize ahabona amasanamu y’indirimbo Come and See yabonetsemwo amasanamu y’ibibanza bitari bike ndangakaranga vy’igihugu cacu. Iyo ndirimbo ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 43,000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube mu kiringo cababa indwi 3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036