IKIRUNDI_news

Yoya Jamal yerekanye umuririmvyi abikora neza muri kino gihe

Abaririmvyi bashika kuri 15 barimwo Sat-b, Franck G 80, R Flow, Emery sun nibo Issa Jamal avuga ko bari mu runganywe rumwe mu muziki.  Muribo ngo si bose abona ko babishizemwo inguvu zikomeye cane nkuko aheruka ubishikiriza mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo muririmvyi uno musi abarizwa mu gisagara ca Manchester mu bwongereza, avuga ko umwe muribo ariwe akora atiziganya muri ico gikorwa, uwo nawe s’uyundi ni Bizimana ABoubakar Karume benshi bazi nka Sat-b.

Uwo muririmvyi ico afatirako kugira amushire mu kibanza ca mbere mu runganywe rwiwe, ngo nuko abishiramwo inguvu nyinshi. Izo nguvu zikaba zibonekera nkuko yabandanije abishikiriza, mu gukorana n’abandi baririmvyi bakomakomeye, gukorera mu bindi bihugu, n’ibindi vyinshi.

Yagize ati : “Uwubikora nkumva ndishimye ntagiye guca ku ruhande ni Sat-b. Sat-b kubisanzwe arakunda umuziki, he is Really Passionated, arakunda ivyo akora. Nibaza ko sat-b ariwe mbona abishiramwo umutima, abishiramwo amafaranga, aragenda muri Tanzania kugerageza gukorayo indirimbo, aragira ama Interview, aragira ama Feauturing, aragira ama enregistrement mu bindi bihugu mu Buganda. Urabona ko abishiramwo umwete mwinshi, kandi ntabigira kubera abikunda, arafise ingabire. Je ndibuka tuja mu Rwanda muri 2015, abantu bose baravuza Satura amabafle, niwe muntu I’m very proud of him.”

Naho avuga ko Sat-b ariwe aza mu kibanza ca mbere, uwo muririmvyi avuga ko n’abandi barimwo nka R-Flow na Emery Sun bariko bakora neza kuko bafise indirimbo zifise amasanamu meza.

Mwokwibuka ko Yoya Jamal amaze imyaka hafi 6 atabarizwa I Burundi, muri Afrika akaba ahaheruka mu mwaka wa 2019 aho yaraje gutora abana biwe 2 kugira nabo abajane mu bwongereza aho asanzwe akorera muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037