Inkino

Ibintu ntibigiye kworoha hagati ya Musongati Fc na Flambeau du Centre

Nk’uko mubizi iyo imigwi ibiri ikomeye yo mu gisagaca ca Gitega Musongati na Flambeau du Centre ihuye hama haca uwambaye , iyo migwi igiye guhura mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu .

Aho ni inyuma y’aho Musongati Fc itsindiye Olympic Star mu rukino rwa mbere ibitsindo 2-0 , ugasubira kandi ugatsinda Olympic Star igitsindo 1-0 mu rukino rwo gusubiriza ivyatumye uwo mugwi wironkera amahirwe yo gukina urukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu.

Flambeau du Centre nayo urukino rwa mbere wanyagiye Garage Express ibitsindo 4-0, usubira kandi utsinda igitsindo 1-0 mu rukino rwo gusubiriza ivyatumye uwo mugwi nawo nyene wironkera amahirwe yo gukina igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu.

Ku rundi ruhande iyindi migwi igiye gukina igice ca kabiri gishira icanyuma n’imigwi ya Vital’o Fc na Bumamuru yo ku Cibitoke .

Vital’o Fc yasezereye Royal Fc aho mu rukino rwa mbere yayitsinze igitsindo 1-0 , mu rukino rwo gusubiriza uyitsinda ibitsindo 2-1 , ivyatumye uwo mugwi wironkera amahirwe yo gukina igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu.

Bumamuru nayo yasezereye Messager Ngozi aho mu rukino rwa mbere wayitsinze ibitsindo 3-1 , mugihe mu rukino rwo gusubiriza uwo mugwi Messager Ngozi wayitsinze igitsindo 1-0 , ariko ivyo ntivyafashije Messager Ngozi kuja mugice ca kabiri gishira icanyuma bivanye n’uko bari batakaje urukino rwa mbere batsinzwe ibitsindo vyinshi .

Mwomenya y’uko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 Rusama 2021, mu kigo c’ishirahamwe  ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB niho haza kumenyekana amatariki iyo migwi izohurirako haba mu nkino zo gutangura n’izogusubirizwa .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037