IKIRUNDI_news

Imyaka 40 irarumanye umwami wa Raggae yitavye Imana

Hari kuwa 11 Rusama 1981 aho umwami wa Raggae Robert Nesta Marley yarazwi cane nka Bob Marley yitaba umuremyi asiga mu gahinda abakunzi b’ibikorwa yakora.

Amajambo yashikiriza yatumye aba rurangiranwa kw’isi, amwe muriyo akaba ari aya akurikira :

-Ijunja ry’umugabo ntarihabwa n’ivyo atunze, arihabwa n’ubushingantahe afise hamwe n’akarorero keza agaragaza aho abaye;

-Ntugatwarwe n’ivy’isi ngo usange vyagutwaye umushaha. Ubwenge n’ubwitonzi biruta amafeza n’inzahabu;

-Wobona upfira ku rugamba uharanira ubwigenge hakubaho imyaka mirere na mirere uboshwe mizana y’akarenganyo;

-Umuziki ni isoko ry’ukubohoka kw’abantu;

-Abagenzi b’ukuri ni nk’inyenyeri. Igihe uri mu mwijima w’imiruho, amaganya n’agahinda, bo baguma bakaka nk’inyenyeri;

-Rwanya sekibi ukoresheje ikirwanisho kitananirwa : urukundo;

-Imburakimazi y’umugabo ivyura urukundo mu mutima w’umukenyezi, ata ntumbero yo kuruvomera afise;

-Uraba ico wipfuza kuba, ntube ico abandi bakwipfuriza;

-Iciza c’umuziki ni uko, ugushitse ku nyota ugukura imibabaro yose wari ufise;

-Ijambo risohotse mu kanwa kawe, ni ryo riguha ubuzima canke rikabukwaka;

-Ivyiza si ibikayangana, ni ibigira akamaro n’ayandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037