IKIRUNDI_news

Diamond Platnumz agiye kuboneka muri Album nshasha ya Bahati

Inyuma ya Diamond Platnumz n’umurwi bagendana, hamwe na Zuchu kwerekeza muri Tanzania, umuririmvyi w’umunyaKenya Bahati nawe nyene yaramaze gushika muri ico gihugu, aho nawe ajanye n’ugukora ibikorwa vy’umuziki.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyi yashize ahabona ishusho arikumwe na Diamondo ubwiwe, aho yamenyesheje ko bari bahejeje kuvuga ibijanye n’uko umwe mu bagize umurwi WCB bazoba bari muri Album yiwe nshasha. Ariko akaba atashimye gushira ahabona izina ry’uwo muririmvyi.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Kenya nka Pulse vyo bikaba bitarya umunwa mu kuvuga ko uwuzoboneka muri iyo Album nshasha ya Bahati ari Diamond Platnumz ubwiwe.

Uwo muririmvyi yahoze aririmba indirimbo zihimbaza Imana, yateye amashurwe Diamond mu majambo yanditse kuri urwo rubuga rwa Instagram rwiwe aho yanamenyesheje ko ikindi camutumye yipfuza guhura nawe ko ari impanuro zitangwa n’uwo muririmvyi, ngo akizera ko izo mpauro zizotuma ashika kure cane.

Nasibu akaba amaze igihe muri Afrika y’epfo aho ariko arakora indirimbo zizoba ziri mu rukurikirane avuga ko ruzoshirwa ahabona muri uno mwaka nyene. Gushika ubu hakaba hataramenyekana neza abazoba bari muri urwo rukurikirane uretse INNOS B we yamaze gushirwa ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036