HealthhomepageIKIRUNDI_news

Amase n’amaganga y’inka ari mu bikoreshwa mu kwivura CORONA VIRUS mu buhindi

Kubona imiti, canke uwukwitwaho mu buhindi ku bijanye n’ukwivuza ikiza ca Corona Virus ngo n’igikorwa gikomeye cane kubera ubwinshi bw’abagwayi b’ico kiza baboneka mu bitaro bitandukanye muri ico gihugu.

Ivyo bikaba vyaciye bituma abanyagihugu bo mu mice itandukanye y’ico gihugu na cane cane bo mu burengerazuba bw’ico gihugu muri Leta ya Gujarat, bafata ingingo yo gukoresha amase n’amaganga y’inka bakavyisiga nka rimwe mu ndwi ngo kugira bibafashe kwirinda ico kiza cugarije igihugu cabo.

Hampande y’inkandagirabitabo, uwo mugenzo ngo waranamaze gutadukanira n’abaciye ku ntebe y’ishure, naho abahurikiye mw’ihuriro ry’abaganga muri ico bamirira kure ababikora kuko ngo ata kimenyetso na kimwe cerekana ko amaganga n’amase bishobora gufasha abasofa b’umubiri gukomera.

Ico gihugu c’ubuhindi kikaba kimaze gusinzikazwa n’ico kiza ca Corona, kuko abarenga imiliyoni 22 bamaze kwandura ico kiza, n’ayo abarenga ibihumbi 246 bakaba bamaze guhitanwa naco. Itororokanirizo ry’amakuru Reuters ry’abongereza, rikaba rivuga ko ivyo biharura vy’abanduye bishobora kuba biri hasi cane, kuko ivy’ukuri bishobora kuba vyigwije incuro nk’10.

Ico gitungwa, Inka, kikaba gifatwa nk’igitagatifu muri ico gihugu c’ubuhindi ku basanzwe bari mw’idini ry’abahindu, bakaba basanzwe banagikoresha mu bijanye n’ugusukura amazu yabo, haraheze igihe kitari gito.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687