IKIRUNDI_news

Mapozi arashinga intahe y’umunezero yabonye mu Mana.

Enesk Mapozi Ndayishimiye azwi kw’izina rya Mc Mapozi yavukiye i Bujumbura muri zone kanyosha muri kino gihe abarizwa mu gihugu ca Canada.


kuva 2007 aho yatanguye umuziki benshi bita ngo n’indirimbo z’isi, munyuma yaho yahisemwo kubiheba atangura kuririmba izi ninahaza Imana.
Mu mwaka wa 2016 izina yarahinduye maze yiyita Mapozi of God, nayo ngo imvo zatumye afata uwo mwanzuro akaba ari uko yiyumviriye asanga impano yiwe yayironkeye mu rusengero, abona ko ari vyiza ko yosubira mu ngoro y’Imana ubwiwe arashinga intahe ko ubu ari amahoro kuvaho yashimye gukorera Imana ari nabwo butunzi yiratira.
Mapozi aranahamagarira n’abandi kw’ironkera uwo munezero
kuva atangura kuninahaza Imana ageze ku ndirimbo 4 zigaragara kuri youtube.
Mapozi of god ngo Abandanya akora kuko ubu ageze kurwego rwuko afise inzu y’Ubuhinyanyuzi (studio) yiwe yitwa Grâce Divine records isanzwe ikorera muri ico gihugu nyene (Canada)
Mwomenya ko
ubu vuba ko Mapozi  yakuyeko ubusage yarabumaranyenye imyaka Irenga 16 kandi n’agakiza yarakakiriye, akaba yasiguriye Indundi Magazine ko yashatse guhindura style gusa ata mvo nimwe

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036