IKIRUNDI_news

Michou abona ko gushinga ishure ryigisha Comedy ari ngirakamaro cane

 

Kigingi co kimwe n’abandi benshi mu basanzwe ari aba Comedien bakunzwe muri ino misi ubabajije uwo barabiyeko ivyo bakora uno musi, abenshi bagaruka ku mugabo yitwa Kabayabaya Willy ariko benshi bamenye nka Michou, uno musi abarizwa muri Canada.

Mu Kiyago yagiranye na Limo Tv isanzwe ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, icicaro kiri muri Canada, yamenyesheje ko muri ino misi akazi n’umuryango bamutwaye cane bigatuma atabashe gutwenza abantu, kuko akazi k’ugutwenza abantu vyo ngo ntivyamuhiriye muri ico gihugu.

Michou ngo naho ugutwenza abantu bitabashije kumubeshaho, ntarota abiheba, kuko mu misi iza afise umugambi wo gushinga imboneshakure kugira bikunde nawe azoze aganiriza abantu anabatwenza, kuko ari akazi akunda kandi ashoboye.

Michou muri ico kiyago yavuze ko ubumenyi yaronse muri ico gihugu yasuhukiyemwo, ngo yipfuza kuzobubasabikanya n’abandi, kuko kubwiwe ngo abona ko ugushinga ishure ryigisha Comedy ari ngirakamaro cane. Akaba yanashimiye abandi nka Senganzi babashije gutangura kwigisha abandi uko uwo mwuga ukorwa.

Mwomenya ko Willy yakoreye insamirizi RPA mu biganiro vy’ugutwenza, aho abatari bake banamwikozeko haba mu manza zisanzwe n’izikomakomeye, eka n’amashirahamwe menshi akomeye hano iwacu akaba yaramwikozeko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036