Ishirahamwe Fondation Pax Burundi risanzwe rirongowe n’umutambukanyi w’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Reverien Ndikuriyo ryaratunganije igikombe citiriwe Umuhisi Petero Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi .
Ico gikombe kikaba kizokwitabirwa n’imigwi 8 ikina mu cicaro ca mbere mu Burundi Primus League .
Iryo shirahamwe Faundation Burundi Pax rikaba ryemeye kuzofasha imigwi yose izokwitabira iryo higanwa mu bijanye n’uburyo bwose buzoba bukenewe .
Umugwi wa mbere uzorosanswa amafaranga angana n’imiriyoni 7.500.000 FB , uwa kabiri nawe aronswe amafaranga angana n’imiriyoni 5.000.000 FB , uwa gatatu azoronswa imiriyoni 3.000.000 FB , uwa kane azoronswa amafaranga Imiriyoni 2.500.000 FB .
Mwomenya ko iryo higanwa rizotangura mu kwezi kwa Rusama igenekerezo 08 gushika kurya 26 umwaka wa 2021 nkuko vyashikirijwe n’iryo shirahamwe Burundi Pax .