IKIRUNDI_news

#Mbega Big Fizzo yoba yaronse amasezerano n’ikinyobwa Royal?

Mugihe amaze imisi aganutse ava mu gihugu ça Tanzania gukora Ireresi “A life to regret”, nayo ibikorwa vyakorewe muri ico gihugu bikaba ibanga rya manageur akaba n’umufasha wiwe aramutswa inzu Bantu Bwoy.

Ariko nubwo biri uko Fizzo ntiyashimye kuguma anyoteza abakunzi biwe kuko yahavuye aja mu kabati k’ indirimbo ziwe akuramwo iyitwa (Millions face)Aho ahayagizamwo Inzoga (Beer), indirimbo ubona ko ukwezi Rusama kwose kuzohera iriko iricira inzira y’ici.

Mu gihe tumenyereye mwene izo ndirimbo zinjiza aka noti gafadika kava mu mahinguriro y’ibinyobwa, mbega Furious yoba aryamanye ayo masezerano akinumira?

Canke yibukije Brurudi ko yayibereye imyaka myinshi umuserukizi muri Primusic atacopfa badugiye kuri Royal?

Kwoba ari ugusamara, cake ukudwibira mu mwambiro kwa cane ko gasanzwe katamurwa nabi, hoho ntiryoba ari irementanya ry’amasanamu yakorewe?

Ariko vyoba bigoye kwemera ko ari rementanya uravye akamwemwe ndetse no kubona iyo shusho nyene ariyo yakoreshejwe n’aba fana ba Bantu Bowy abereye C.E.O. mu gukwiragiza hose ico gikorwa?

Twokwibukanya ko Fizo yigeze kw’izerwa n’ishirahamwe Brarudi ngo aribere umuserukizi w’ikinyombwa cayo Primus, mu ntumbero yokurondera impano mu muziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037