IKIRUNDI_news

Amwe muyo AKON na Mr. Eazi bakuye mu muziki, bagiye kuyashora muri Africa y’ubuseruko     

Umuririmvyi w’umunya Nigeria azwi cane nka Mr Eazi, yatanguye gushira amafaranga mu bikorwa bitandukanye bimwungukira mu Rwanda, yerekanye ivyo agiye gushiramwo amafaranga hampande y’ikiyaga Kivu.

Nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru The New Times yo mu Rwanda ngo uwo muririmvyi aho yari mu rugendo muri ico gihugu yagiriraniye ibiganiro n’abategetsi batari bake aho baganiriye cane cane ibijanye n’ibisata bihagaze neza, yoshobora gushoramwo amafaranga.

Nkuko ico kinyamakuru kibishikiriza,ikigo c’igihugu kijejwe kworohereza abanyamitahe RDB (Rwanda Development Board), API ya hano iwacu, camenyesheje ko uwo muririmvyi yari yashimishijwe n’ibijanye n’ukuriha ukoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi (Online Payment), co kimwe n’ibijanye n’inkino.

Ibijanye n’ukuriha ukoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi vyo akaba yaranafashe akanya araja kubiganiro na kimwe mu bigo biheruka gushingwa, Mobile MoneyRw Ltd,  cahora  cegamiye ikigo c’itumatumanako amakuru MTN Rwanda, Nkuko ico kinyamakuru kibandanya bishikiriza

Uwo muririmvyi yakoreye igiteramo ca mbere mu Rwanda mu mwaka wa 2017, ngo ni nawe ari inyuma y’ishirahamwe ry’imikino Forza Bet nkuko ikinyamakuru Weekender kibishikiriza.

Mr Eazi akaba atariwe muririmvyi wenyene asa n’uwuriko arashaka gushira amafaranga yiwe muri kano karere Uburundi burimwo, kuko na AKON nawe aheruka mu gihugu c’ubuganda aho yamaze ikiringo c’indwi 2. Amakuru dukesha ibinyamakuru vyaho avuga ko uwo muririmvyi yari yajanye n’ukurondera ibibanza azubakamwo igisagara nkico yipfuza kwubaka iwacu muri Senegal, AKON CITY.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037