IKIRUNDI_news

Miss Erica na Kent-p baraye bateje uruhagarara

 Foto y’umuririmvyikazi Miss Erica hamwe ‘uwahoze ari Manager wiwe Kent p yaraye iteje uruhagarara mu basanzwe bakurikirana uwo muririmvyikazi ku rubuga rwiwe rwa Facebook, inyuma y’ukuyishirako ata jambo na rimwe riyiherekeje.

Abagize ico bashikiriza kuri iyo Foto bakaba bagize ibitari bike bavuga, ariko abatari bake bakaba agarutse ku bucuti bw’abo bantu babiri, aho abatari bake batigeze bahuriza ku kintu kimwe.

Bamwe bakaba babajije ico uwo musore aje gukora, mu gihe bazi neza ko asigaye arikumwe n’uwundi mugabo kandi anavuga ko ariwe Manager wiwe mushasha. Hakaba hari n’abafata nk’uguhemuka, ikinjura ryiwe muri Empire Avenue.

“Wapi sha vyaragucanze kweli, ikundire ru*** rusanza rw’umuzungu natkundi .”

Abandi nabo bakaba bibukije uwo bavyaranye umwana w’umuhungu asanzwe afise, aho bamusavye kuzoza aramwibuka. Impari zikaba zahavuye zica zaduka, aho abandi baciye batangura kubaza nimba umusore SAL-G yoba yaratowe, kuko hariko harahonderwa ikibanza yoba aherereyemwo.

“Uze wibuka Sal-G ahari kweri”

 

Hampande y’abo bagarutse cane ku bijanye n’ubuzima bwiwe bw’urukundo, n’irondoka, abandi bo bagarutse ku mubiri wiwe, aho babona ko uwo muririmvyikazi yagabanutse cane gose, bakaba babona ko yarakwiye kuraba uko yongereza ubunini.

“Erica Ntarahuzagroup sanguin n’imfungurwa kabisa!!!”

Mwomenya ko ivyo babimushikirije inyuma y’ugushira karangura ku rukurukuru rwari rugize imisi ruhari, aho uwo muririmvyikazi yaragize igihe yagirizwa gusohokana n’umuzungu. Miss Erica abicishije kuri Live aheruka gukora, akaba yashize ahabona ivy’urukundo rwabo, yongerako ko hari ibintu bikomeye bariko barategura kubw’abafana b’umuziki wa Miss Erica ubwiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037