BurundihomepageIKIRUNDI_newssecuritysociete

Inyuma y’ukumara amezi arenga 3 atawuzi irengero ryiwe, yahavuye yishikana mu giporisi

Emelyne Ndayishimiye yataye ubugeni ku musi w’umuhezagiro wo mu rusengero, agasiga umugabo mu vyambu, yerekanywe n’igiporisi c’Uburundi kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 24 Rusama 2021, hari haciye amezi arenga atatu atawuzi irengero ryiwe.

Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano amenyesha ko umupfasoni Emelyne Ndayishimiye yagirizwa guta urugo,icaha gihanwa n’amategeko nk’uko bitegekanijwe mu ngingo y’556 y’igitabo mpanavyaha.

Pierre Nkurikiye avuga ko ayo mezi arenga atatu yamaze yataye umugabo, Emelyne Ndayishimiye yari anyegejwe mu nzu i Bujumbura n’ishirahamwe rihurikiyemwo abapfasoni bize amategeko (Association des Femmes Juristes), aho ngo Atari abise uburenganzira bwo gusohoka urupangu canke ngo ahamagare na terefone uwariwe wese.

Pierre Nkurikiye amenyesha kandi ko iryo shirahamwe rizokwitwarirwa kuko ryugaraniye ahantu umuntu, rimubuza kwidegemvya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718