Inkino

# Indundi Sports | Saidi Ntibazonkiza yasubiriye gukomereka

 

Umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza  yasubiriye kandi gukomereka inyuma yamezi abiri akize.

ku musi wa mbere waraye uheze kw’ igenekerezo rya 23 Rusama 2021 , niho haraye hamenyekanye ko Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba hamwe na Yang Africans yo mu gisagara ca Dar es Salaam Saido Ntibazonkiza aza kubura mu rukino rugiye kubahuza na Mwadui Fc bivanye n’imvune yakuye mu rukino ruheruka rwabahuje na JKt Tanzania .

Ivyo bikaba vyemejwe n’ Umuvugizi wa Yang Africans Hassan Mbumbuli aho yashoboye kwandi kwemeza ko uwo mukinyi yahawe uruhusha rwo gusubira mu gisagara ca Dar es Salaam kugira asuzumwe neza n’abaganga .

Mwomenya ko Saido Ntibazonkiza yaronse imvune imara amezi adakinishwa muri Yang Africans akaba yatanguye gusubira gukina mu rukino rwahuje intamba mu rugamba na Centrafrique rwabereye  i Bujumbura muri Ntwarante igenekerezo rya 26 umwaka wa 2021.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037