IKIRUNDI_news

Zari ariko aryozwa amafaranga yariwe n’abamwiyitiriye

 Ingorane y’imbuga ngurukanabumenyi n’uko abantu bashobora kwiyitirira umuntu uwariwe wese, noneho bigatuma bashobora kwiba amafaranga y’abana biyitirira icamamare kanaka. Ivyo n’ibiheruka gushikira abantu batandukanye aheruka kwibwa bazi ngo bahaye amafaranga Zari The Bos Lady, yavyaranye na Diamond Platnumz.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muvyeyi mugenzi wa Nasibu, yabwiye abagize imisi bibwa n’abantu bamwiyitirira ngo bihangane, we ntaco afise abafasha, kuko adashobora kuriha amafaranga y’ivyo atariye.

Zarinah Hassan yabivuze inyuma yaho abo bantu bamwandikiriye bamusaba ko abasubiza amafaranga bamuhaye, kuko bamwe muribo ngo bari bamenyeshejwe ko bagiye kurondererwa ubuzi. Ababashije kumwandikira bakaba bamweretse ko bagerageje kumurondera, kuko bamwe bari bamurungikiye ayatari make ($6000) babwiwe n’umuntu amwiyitirira ko bazoheza bagahabwa ayirwije kabiri.

Zari akaba yagiriye abasaba ko boza barabanza kuraba vyukuri uwo bariko baganira, kugira ntibazoze basanga bariko bibwa. Bagakora nkuko bakoze mu kuja ku rubuga rwiwe rwa Instagram bakaraba Mail yiwe noneho bakabona kumurondera bakamubaza nimba arivyo ivyo bariko babwirwa.

Zari yarangije ubutumwa avuga ko ata rudandazwa na rumwe rujanye n’ugutwara abantu hanze, canke kuronderera abantu ubuzi, canke gusaba amahera yitwaje izina ryiwe asanzwe akora. Akaba yanagiriyeko avuga ko ata Messenger asanzwe akoresha gushika ino saha.

Ivyo bikaba bitabaye kuri uyo gusa, kuko na hano iwacu hari abaheruka kwitwaza amazina y’abantu bakomakomeye mu gusaba amafaranga abantu baba bariko bavugana kuri izo mbuga ngurukanabumenyi, bose bakaza gusanga bariko bibwa.

https://youtu.be/PNBvJk4N7Ec

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037