IKIRUNDI_news

Kidum agiye kuja mu Rwanda inyuma y’igihe atahakorera igiteramo

Inkuru nziza ku bakunzi b’ibikorwa vya Kidum babarizwa Mu rwanda n’uko uwo murriimvyi agiye kandi kuboneka mu rwanda mu misi ya vuba, nkuko uwo muririmvyi ubwiwe yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Facebook. 

Kuri urwo rubuga rusanzwe rukurikiranwa n’abarenga 100,000 akaba yanditse ubutumwa mu rurimi rw’icongereza ko vuba cane agiye kuja mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Aho kandi mu misi iheze, yari yamenyesheje ko agiye kandi kugaruka hano iwacu. Ariko haba hano iwacu, co kimwe no mu rwanda, akaba ata kijanye n’igiteramo arabasha kuvuga.

Mu babashije kugira ico bashikirije kuri ubwo butumwa bwa Kidum, harimwo Saidi Brazza Ahishakiye yakunzwe cane hano iwacu kubera indirimbo zitari nke zihayagiza igihugu yigeze gukora. Uwundi yamwipfurije umuzo mwiza, ni Ahmed Pacifique asanzwe ari nawe musahirizi wiwe mu Rwanda, akaba ari nawe akunze gutegura ibiteramo bitandukanye akorera i Kigali.

Kidum akaba amaze igihe kitari gito adahonyoza ikirege i Kigali, kubera imvo zitabashije gutomorwa neza, kuko ubwa nyuma yagira yitabire igiteramo I Kigali, cari categuwe na Kigali Jazz Junction, ariko bihinduka ku musegonda wa nyuma aho batamenyesheje neza igituma uwo muririmvyi akuwe mu gitigiri c’abateramishije abanya Kigali uwo musi.

https://youtu.be/PNBvJk4N7Ec

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036