IKIRUNDI_news

Ivya Diamond Platnumz n’abigeme bisubiye kuja ku meza

 Inyuma y’igihe kitari gito umuririmvyi Diamond Platnumz ata mukunzi agira, ngo yoba yaronse uwundi mwigeme bahuriza kuvy’urukundo muri Afrika y’epfo. 

Nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru muri Tanzania abishikiriza, Andrea ngo yoba ariwe mwigeme Nasibu yoba agize imisi ariko yiruka inyuma, aho n’inyuma yaho uwo muririmvyi abonetse aguma hafi n’urubuga rwa Instagram rw’uwo mwigeme.

Nasibu hampande y’ugukurikirana urubuga rwa Instagram rwiwe, yoba ari umwe mu bagize imisi bakurikirana ama Live y’uwo mwigeme, icatumye abafana batari bake b’uwo muririmvyi bamuhuta ibibazo ku bucuti bafitanye na Diamond.

Uwo mwigeme yigeze kuba mu gitigiri c’aba Miss mu mwaka wa 2016, yavuze ko bamenyanye na Diamond bahujwe n’umugenzi wiwe, ariko ic’uko boba barikumwe mu rukundo, uwo mwigeme yanse kugira ico abivugako, ahubwo arungika abo bafana biwe kuja kubimubaza ubwiwe. Abo bafana nyene bamubajije nimba azi abakundanye n’ico gihangange bose, yaba Hamissa, Tanasha, Zari n’abandi.

Uretse ibibazo, abo bafana bamusavye kutaja mu rukundo n’uwo muririmvyi, kutamuvyarira kuko ngo uwo musore ico akora aguteye inda aca aguta ntasubira kukwerekwa.

Mwomenya ko uwo muririmvyi aheruka gutandukana na Tanasha inyuma y’aho baronse umwana w’umuhungu, aho hari inyuma ya Zari, Hamissa n’abandi batari bake barimwo aba Video Vixen bagiye bakorana bagiye bamwagirizwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037