IKIRUNDI_news

Kubwa Miss Dative, Nyakubahwa Angeline Ndayishimiye atandukanye n’abandi

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu cacu, Angeline Ndayishimiye ngo n’icitegererezo ciza kuri Miss Dative yatahukanye ikibanza ca Miss Popularity muri Miss Burundi 2021. Ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiyago aheruka kugirana n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu, aho yanashikirije 2 muri vyinshi ashima kuri uwo muvyeyi.

Muri ico kiganiro, Dative yavuze ko imbere yuko aba Miss Popularity atari bwahure n’uwo muvyeyi. Bagihura ngo wari umunezero ugeretse ku wundi, kuko yamubonyemwo vyinshi vyamubereye akarorero keza. Yagize ati : “Nararyohewe, ni nyenicubahiro nyene, n’umuvyeyi wacu, kandi atubera akarorero keza. Je Personellement ambera akarorero, n’umuntu w’umukozi. Yari ikintu c’agaciro gose guhura nawe tukaganira. ”

Muri ico kiganiro, uwo mwigeme yanagarutse kuco akundira uwo muvyeyi, yavuze ko atandukanye cane n’abandi batambukanyi b’abakuru b’ibihugu ataco baba bariko barakora. Kubwa Miss Dative ngo Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye n’umukozi, kandi kuriwe ngo n’ivyagaciro gose. “Ica mbere n’umukozi, si nk’abatambukanyi b’ababakuru b’igihugu baguma bicaye, oya, n’umukozi, kandi n’ikintu kuri jewe c’agaciro,kandi ambera akarorero gose.”

Miss Dative yabandanije avugira kuri Isaac Tv ko ikindi akundira umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, ar’uko atarambira ababa bamuteze ugutwi mu bikorwa vyose aba yitabiriye. Muri ivyo bikorwa, Miss Dative avuga ko umutambukanyi w’umukuru w’igihugu adashobora kurangiza ijambo adacishijemwo akamabo ko gutwenza, ngo aryoshe ikiyago. “Ica kabiri aratera inkuru, aratwenza. Ntashobora kuvuga amajambo angahe atabateye inkuru ngo mutwenge, n’ibikorwa vyose tujanamwo, usanga mu majambo ashikiriza, harimwo utuntu dutwenza, two kuryosha ikiyago.”

Miss Dative, Miss Burundi n’ivyababa vyiwe bakaba bamaze kujana n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu mu bikorwa bitari bike hirya no hino, haba hagati mu gihugu canke mu gisagara ca Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037