Inkino

Intamba zigiye gutana mumitwe na Algerie mu rukino rwa kivandimwe

Inyuma y’aho urukino rwa kivandimwe Uburundi bwari bwimirije gukina na Egypte rusibiye kumvo z’uko amatariki y’inkino zo kurondera itike ryo kwitabira inkino z’igikombe c’isi yahinduwe, Uburundi bwaronse urundi rukino rwa kivandimwe.

Ku rubuga rwa Twitter rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Algerie FAF bahejeje kwandika y’uko Umugwi nserukiragihugu wabo bita Les Guerriers du Désert w’abakinyi basanzwe bakina mu gihugu cabo twita Locaux ugiye gukina urukino rwa kivandimwe ku musi wa FIFA ( Journée FIFA) n’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .

Urwo rukino rukaba rugiye kuba muri uku kwezi kwa Ruheshi igenekerezo rya 16 umwaka wa 2021 ku kibuga ca Olympic D’Oran isaha zibiri n’iminota 45 (20h45) z’ijoro.

Mwokwibuka y’uko uwo mugwi Algerie uri mu migwi Uburundi bwakinanye urukino rwa kivandimwe rwo kwitegurira CAN 2019 , aho iyo migwi yose yanganije igitsindo 1-1 , igitsindo c’Uburundi cinjijwe na Cédric Amissi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037