IKIRUNDI_news

Rallye Joe ngw’agacerere yagirizwa, s’agacerere nkuko bavyibaza

 Mu gihe abaririmvyi batari bake baterekana izindi ngabire Imana yabahaye, Rallye Joe we avuga ko hari izitari nke Imana yamuhaye, kandi zimutungiye umuryango, naho zimwe batazimumenyemwo cane nko kuririmba.

Mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure nshasha za hano iwacu, uwo mwanditsi w’indirimbo “Nzokumangararako”, avuga ko atavyurwa na kamwe mu gitondo, kuko utamusanze ariko aririmba, ngo aba ariko arashushanya canke akina amarere. “Jewe simba ndi mu kantu kamwe, kurya Imana yamfashije ingabire zitandukanye, ingabire yo kuririmba, gushushanya, gukina amareresi, ni vyinshi. Ntari muri kimwe mba ndi mu kindi, mugabo muri ivyo vyose harimwo kimwe nkunda gusumba ikindi n’ukuririmba. Ariko vyose ndabironkamwo ifaranga.”

Ndayahoze bariko baganira, yamubwiye ko abafana bavuga ko abaririmvyi b’aho hambere basa n’abarekeye ikibanza abashasha. Ivyo kubera ugutinya,noneho arabibeshuza, avuga ko we atari mu gitigiri c’abiruka inyuma y’amasigise. Ahubwo ico agerageza gukora naho bitoroha Imisi yose ngo n’ukurondera guha abakunzi b’umuziki wiwe, n’uw’abarundi muri rusangi indirimbo buri gihe. “Jewe ndi wawundi ndiko ngwanira amasigise? Jewe ivyo narabirenganye kuko narazoke, kandi imana yaramfashije izina ndaryubaka. Igisigaye nuko noguma ngaragaza ibikorwa ku mwanya.”

Akanovera k’indirimbo za Rallye ngo ntikahindutse, kandi n’umwete w’ugukora ngo ntiyawugabanije, kuko gushika n’ubu abandanya akora ukuri kwamya. Ariko ngo igitandukanye n’uko ubu ari wenyene, yipfuza gusohora indirimbo uburyo butandukanye n’uko yahora abikora akiri musi y’uburongozi. “Agacerere mazemwo igihe, s’akagacerere bucerere. Indirimbo ndazifise kandi kurya nyene nsanzwe nandika niko bimeze… Gusa hari ukuntu nshaka ko zisohoka, gutandukanye nuko naho nkora kare. Nahora muri management,ubu ndigenga, ndi jenyene. Ifaranga ndiko ndaryegeranya,muri ubwo butunzi arizo mpano Imana yampaye.”

Yanaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko afise indirimbo zitari nke ziri mu bubiko yakoze kuva mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uheze [2020], arizo atoramwo iyoba ibereye gusohoka canke kuyifuta kuko aba abona ko itabereye. “Ndi mu myiteguro yo gukora [indirimbo] kandi vuba, ivyo kuvuga gutakara, ntibihari. Mfise indirimbo[nyishi] nagiye ndasohora [kuva mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uheze], gushika n’uno musi ndacariko ndakora. Ndazibika ahantu, ni vyindi nshobora kuraba nkavuga nti iyo ndirimbo irabereye ko ndayisohora, iyi ntibereye, iyo itabereye ndafuta nkaheba.”

Nayo ku kibazo c’abibaza ko yoba ubu atakiboneka mu muziki kuko ataco akiwukuramwo, ngo barihenze cane kuko ahubwo ubu niho aronka ayakwiye ugereranije n’aho hambere. “Kirya gihe ntafaranga ninjiza rikwiye [mu muziki], ahubwo ubu niho novuga ko ririko ririnjira. Kirya gihe nahamagarwa cane, mu bikorwa usanga agafaranga kari [hasi], sindiko ndagaya. Ariko ubu, nubwo ntariko ndasohora, muga hariho ibikorwa nakoze bituma mpamagarwa mu biteramo bitandukanye.”

Mwomenya ko akaririmbo ka nyuma aheruka gusohora ari akaririmbo Nzokumangararako kamaze amezi 8 gasohotse, kakaba kari gakurikiye Forever nako kasohotse amezi 2 gusa imbere yuko ako kanyuma gashirwa ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037