BurundihomepageIKIRUNDI_newsUrwarukayouth

Umwana akiri muto yasabiye ibendera rya EAC ishure yigako maze ararihabwa

Bisanzwe bizwiko Igihugu cacu kiri mubihugu vyo mukarere ka Africa y’ubuseruko (EAC) ivyo bigatuma mu mashure matomato abana bigishwa ururirimbo rwo guhayagiza uyo muryango ugize ibihugu vyo muri afrika y’ubuseruko rwitwa “Jumuia”

Urwo ruririmbo rusanzwe ruririmbwa inyuma y’uririmbo ruhayagiza igihugu cacu “Burundi Bwacu” kumashure.

Umwana w’umukobwa w’imyaka cumi n’umwe yitwa IRAKIZA Samuella asanzwe yiga mu mwaka wa gatandatu (6éme année) nyuma y’ukubona ko ibendera zibiri (2) :iyigihugu cacu ,ndetse n’iyihayagiza ubumwe bw’abarundi arizo zimanitse kwishure yigako yaraziravye arabona ko hariho ibendera ritarimwo iryo naryo ni ibendera rihayagiza umuryango wa Africa y’ubuseruko.

Niko kuja kubaza umuyobozi w’ishure ivy’iryo bendera atabona.

Hari mu kwezi kwa kabiri aho Samuella yegereye umuyobozi wishure aramubaza ati : «ko hano kwishure mbonaho ibendera zibiri (2) gusa ati ndabona ko hariho ibendera ribuze na canecane iry’ibihugu vya EAC kuko Uburundi burimwo, kandi no mw’ishure turavyiga, ati none iryo bendera ryoba rihari ngaha kw’ishure? »

Umuyobozi wiryo shure Télésphore Mbonimbarira yishuye Samuella ati: «nta bendera rihari kw’iyi shure gusa nararisavye baca bambwira y’uko muri Stock zaheze nararitumyeko bambwiye ko nzorironka mu kwezi kw’icumi.»

Samuella amaze kuvyumva yigiriye inama y’uburyo yoronka iryo bendera, niho yumva ko hano mugihugu cacu haje umunyamabanga mukuru w’uyo muryango wa EAC.

Samuella yarasanzwe afise umugenzi akora muri bushikiranganji bwa EAC hano mugihugu cacu niko kuja kumuraba aca amubwira amusabire umubonano k’uyo munyamabanga mukuru wa EAC yari yaje aha iwacu , nawe yemera kuzomusabira uyo mubonano.

N’uko mu nyuma Samuella yahavuye aronka umubonano aca aja kubonana n’uwo munyamabanga mukuru wa EAC.

Bahuye yamubwiye ati:
«Kw’ishure nigako nta bendera rya EAC dufise kandi twarinjiye mw’uyu muryango wa EAC none mwoshobora kurindonsa? »

Uyo munyamabanga mukuru wa EAC nyuma yo kumwumviriza yararimwemereye ati: «Taha nzogutumako ». Niho bukeye bw’uyo musi yatumako Samuella maze ararimuha ku mugaragaro.

Samuella amaze kurironka yaratashe ashitse muhira baramubaza iyo yakuye iryo bendera n’ico ashaka kurikoza nawe arabishura ati nshaka kuritwara kwishure turarikeneye.

Bukeye bwaho Samulla yararizanye kw’ishure maze arishikiriza umuyobozi w’ishure, amaze kurimuha ntakindi yakoze atari kurimanika.

Ururirimbo ruhayagizaiIbihugu biri muri EAC “jumuia” batahora baririmba ubu bararuririmba babona niyo bendera baheruka kuronswa n’umwana akerebutse IRAKIZA Samuella.

Twagerageje kuvugana n’uyo mwana samuella tumubaza icatumye yiyumvira gukora igikorwa nk’ico ku myaka 11 yamavuko nawe yatwishuye uku:
“Icatumye niyumvira kurirondera n’uko bambwiye y’uko iryo basavye rizoshika mu kwezi kw’icumi kandi nanje siho nzoba nkiri, nico gituma nashizemwo umwete kugira turironke nciga kw’iri shure.”

Yongeyeko ati : “Uburundi bwarinjiye mu muryango wa EAC ni vyiza y’uko abana twigana bakura baribona kandi bakabimenya kuko birakenewe cane”.

Yasozeye avuga ati : “Ni umunezero kandi kuri jewe kuba nokora ikintu kibera abandi akarorero keza, kuri bagenzi banje nabo twiga hamwe nobabwira ko iyo ushizemwo umwete ntakidakunda, kandi nibaza ko iri bendera turonse ntakiri hano rizoba kimwe mu bintu bazonyibukirako.”

Twegeye n’umuyobozi wiryo shure tumubaza ukuntu yakiriye ico gikorwa ca Samuella yatwishuye ati:
“Mw’uku kwezi kwa 5 mu mpera nakiriye ubutumwa kuri WhatsApp ngiye kuraba mbona amafoto ya Samuella ahagararanye n’umunyamabanga mukuru wa EAC ariko amuha ibendera rya EAC nca nibuka ko mu kwezi kwa 2 yigeze kumbaza iryo bendera ,maze ndamubwira ko ataryo turaronka. Naratangaye cane kubona inyuma y’amezi 3 umwana w’imyaka 11 yibuka ikintu nk’ico kikamuguma ku mutima.”

Yongeye ati: “Maze imyaka irenga cumi nkora aka kazi ariko aho nari maze guca hose sinari bwabone umwana muto nk’uyu w’imyaka 11 agira ivyiyumviro bikomeye nk’ibi, kandi vyo kubera akarorero keza abandi ati ni igitangaza kuri jewe.”

Ati : “Ndamushimiye ku gikorwa yakoze ni igikorwa gikomeye, na canecane ku myaka yiwe si ibintu bisanzwe”.

Yasozeye avuga ati: “kuri jewe ni umunezero ntangere kubona kw’ishure ndongoye dufise abana b’imboneza kandi baciye ubwenge nk’uku, ati igikorwa yakoze turagishigikiye ,tuboneyeho no kubwira n’abandi bana bigana kumurabirako, kuko ni umwana w’umwete n’ibikorwa, ndetse n’urupfasoni rwinshi.

Nyuma y’ukuyagana n’umuyobozi wiwe twahavuye twegera umuvyeyi wiwe kugira atuyagire nawe uko yakiriye igikorwa ca Samuella yatwishuye ati :”Natangaye cane ndavyumvise. Umwana wanje sinibaza ko yokora ikintu nk’ico n’imyaka yiwe! Gusa igikorwa yakoze kirahambaye kandi ni ico gushigikira. Ku bwanje yanteye iteka kugira abe ariwe yiyumvira ico kintu. N’umunezero mwishi yasozeye atubwira y’uko ari umwana w’umwete cane mukugira ubusesanguzi bw’ibintu bitandukanye vy’ivyirwa kumbuga ngurukanabumenyi, ku myaka 11 yiga mu mwaka wa 6 akaba amaze gukora igikorwa gikomeye hari n’abamusumba batoshobora”.

Mwomenya y’uko Samuella ari umwana aciye ubwenge azi kuvuga indimi zikurikira:
ikirundi, Français, Anglais n’igiswahili aragerageza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717