Inkino

Justin Ruhimbaza yahamagawe kuza kwitegurira CECAFA U -23

Justin Ruhimbaza mu bakinyi barungikiwe ubutumwa bwo kwitegurira inkino za CECAFA – U23 Ethiopie .

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 09 Ruheshi 2021, umugwi Upstate Lonestar Fc CAM w’abakiri bato washize ahabona itangazo rivuga y’uko umukinyi wabo yashoboye gutumwako mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 wimije kuzokina inkino za CECAFA U -23 zigiye kubera mu gihugu ca Ethiopie mu kwezi kw Mukakaro 2021.

Uwo mugwi ukaba wakeje cane uwo mukinyi , usubira kandi uranamushimira kubona yizewe agatumwako muri uwo mugwi nserukira gihugu w’abakiri bato.

Si Justin Ruhimbaza wenyene yatumweko kuzokwitegurira izo nkino za CECAFA U-23 hari n’abandi bashika kuri 20 bakina mu mahanga nabo nyene bazokwifadikanya nawe.

Ivyo vyose abarundi bakaba babikesha Manager Mutima Constantin aho yatanguye wa mugambi wa Vision2026.

Mwomenya y’uko Justin Ruhimbaza imbere y’uko yerekeza muri America yabanje gukinira imigwi ya hano iwacu nka Espoir Fc hamwe na Vitalo Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037