IKIRUNDI_news

Lolilo : Ntaramenya neza igihe indirimbo yiwe izosohokera

Mu gihe cover y’indirimbo (Zero) imaze kuja ahabona yerekana ko lolilo vuba agiye gusohora indirimbo izoba izwi kw ‘ izina rya zero.

 


Ni yaramuka igiye ahabona izoba ari indirimbo igira ga 3 kuva atanguye amasezerano yiwe na Jay C production,

Lolilo akaba ashima uko babandanya bakorana niyo nzu y’ubuhinyanyuzi.

Indundi magazine yashatse kumenya igihe urwo ruririmbo ruzoja kumugaragaro neza na neza lolilo akaba yatwishuye ko ari ku musi wagatandatu igenekerezo rya 12 Ruheshi 2021.
Mu nyuma yaho akaba yahavuye ahindura ati ejo aho bukera kw’ igenekerezo rya 10 Ruheshi 2021  irashobora gusohoka mukayikurikirana kuri YouTube.

Twibukanye ko Lolilo ari umuririmvyi wa kera kandi aharurwa mu baririmvyi bafise indirimbo nyinshi utibagiye nama collabo mpuzamakungu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037