Inkino

# Indundi Sports | Mutombola na Shassir Berekeje muri Bumamuru

Inyuma y’umugwi Vital’o Fc kwirukana abakinyi bawo bashika 8 hakavamwo na Shaka Tresor yahora ari umusatiriz wayo akomeye uwo mugwi wasubiye gutakaza Umumenyereza n’umukinyi.

Kuri uwu wa Kane igenekerezo rya 10 Ruheshi 2021, Uwahora ari umumenyereza mukuru wa Vital’o Fc Alain Olivier Niyungeko yaraye ashize Umukono ku masezerano yo kumenyereza Umugwi Bumamuru Fc wo mu Cibitoke mu kiringo c’Umwaka .

Mutombola akaba atagiye we nyene kuko yahavuye asimbana na Shassir Nahimana muri uwo mugwi Bumamuru kuko nawe nyene ahejeje gushira umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo c’imyaka 2.

Bumamuru ibandanya yiyubaka mu kugura abakinyi bakomakomeye mbere bikavurwa ko n’uwitwa Rashid leon na Salum Ramazani ba Vital’o Fc nabo nyene bashobora kwerekeza muri uwo mugwi uzoserukira igihugu mu nkino za CAF Conféderation Cup .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037