Inkino

Tchabalala ntararonka uwumuhagarika mu gutsinda ibitsindo mu gihugu c’Urwanda

Umukinyi Hussein Shabani batazi Tchabalala gushika ubu abandanya yinjiza ibitsindo mu gibuhu c’urwanda.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 13 Ruheshi 2021, ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda ryarabandanije aho umugwi As Kigali wari wakiriye Espoir Fc birangira As Kigali unyagiye Espoir ibitsindo 4-0.

Muri ivyo bitsindo 4 vyose uwo mugwi winjije harimwo igitsindo c’umusatirizi w’umurundi Hussein shabani batazira Tchabalala akaba ari naco cari cabaye igitsindo ca mbere.

Mwomenya y’uko Hussein Shabani Tchabalala yaciye akwiza ibitsindo 9 mu nkino 9 amaze gukina ibitari bimenyerewe mu mupira w’amaguru wo mu gihugu c’Urwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037