Inkino

Niwe yatahukanye agashimwe k’umurongozi mwiza muri Primus league

 

Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 04 Ruheshi 2021, aho haba ibirori vyogusozera ihiganwa rya Primus league 2020-2021, mu gusozera ivyo birori haratanzwe ubushimwe ku bakinyi bavyitwayemwo neza , Umumenyereza mwiza ndetse n’umurongozi mwiza yatwaye neza gusumba abandi .

 

Agashimwe k’umurongozi mwiza yaranze ihiganwa akaba ari uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Honorable Reverien Ndikuriyo.

Muri uwo mwaka wa 2020-2021 ,Honorable Ndikuriyo Reverien akaba yarashoboye kugurisha abakinyi biwe bakina muri Primus league mu bihugu vya Burayi ndetse na Africa aho twovuga nka Ndayishimiye Youssuf Nyange yaguzwe muri Turky mu mugwi Malatyasport naho munyuma yaciye agurwa na Instanbul yasubiye kandi agurisha Nshimirimana Jospin muri uwo mugwi Malatyasport ndetse aranatwara Eric Ndizeye wa Musongati Fc muri uwo mugwi Malatyasport.

Ivyo vyose bikaba biri muvyabonetse y’uko umugwi Aigle Noir ari mugwi wasohoye abakinyi Iburayi .

Mwomenya ko Honorable Reverien Ndikuriyo yavuze y’uko atazosubira kwitoza mu kibanza c’uwutwara umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037