BurundiDevelopmentEconomyhomepageIKIRUNDI_news

Barashima poritike y’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Naho hakiri agahaze mw’ishirwa mu ngiro ryayo, poritike y’umukuru w’igihugu ijanye n’ukunagura ubutunzi bw’igihugu irashimwa n’abarundi batari bake.

Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe rikangurira abarundi guhindura ingendo PARCM akaba yabishikirije kuri uno wa kane, igenekerezo rya 17 Ruheshi 2021 mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Faustin Ndikumana yatanze akarorero ko kuva umukuru w’igihugu avuze ko umunwa wose uzoronka ico ufungura, umufuko ukaronka amafaranga, ata cigwa co kumenya igitigiri c’abadafungura neza kiraba. Kubwiwe ngo haracabuze imigambi mperekeza yerekana neza ingene bitegerezwa kugenda.

Ivyo abishikirije mu gihe aho bukera, igenekerezo rya 18 Ruheshi 2021, umwaka umwe uzoba urumanye umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yimitswe mu mabanga yo kurongora igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722