IKIRUNDI_news

Benise Sweetbeats na Iry tina musi y’uburongozi bwa Peniel Nation

Inyuma y’ugukorana n’abatari bake mu kuzana abaririmvyi hano iwacu, Peniel Nation yahoze yitwa Opera Records yashize amaboko mu bijanye n’ugukurikiranira hafi abaririmvyi, Management.  Benise Sweetbeats akaba ariwe muririmvyi mushasha yamaze gushika mu minwe yabo.

Uwo muririmvyikazi Benise Sweetbeat, naho agiye gukorana n’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi, asanzwe ari umukambwe kuko umwuga w’ukuririmba awumazemwo igihekitari gito kuko amaze gukorana n’imigwi y’ukuririmba ikomakomeye mu bwongereza, hamwe n’abantu ku giti cabo. Mu mwaka wa 2019, uwo muririmyikazi akaba yarabashije gukora urukurikirane rw’indirimbo 8 yise Hosana. Urwo rukaba ruriko rugurishwa ku mbuga zigurisha umuziki ahatandukanye.

Izo ndirimbo 8 zose zikaba zaramaze gukorerwa amasanamu nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

Mu kazi agiye gukorana n’iyo nzu y’umurundi ariko ifise icicaro mu Buganda, n’ukumenyekanisha ibikorwa vyiwe cane cane urwo rukurikirane rutabashije kumenyekana cane.

Mu makuru twabashije kuronka ava mu begereye Peniel Nation, nuko muvyo bagiye gukora n’ukumenyekanisha uwo muririmvyikazi haba hano iwacu, mu karere co kimwe no muri Africa yose, imbere yuko asohora izindi ndirimbo.

Ayo makuru kandi akaba yabandanije amenyesha ko Peniel Nation bipfuza ko umwaka worangira bamaze gushinga imizi mu gihugu c’Uburundi aho bipfuza gukorana n’abaririmvyi muri rusangi, ariko cane cane  bagakorana n’abaririmvyi babarizwa mu mahanga kuko akenshi aribo bataronka akaryo ko kumenyekana cane hano iwacu.

Mwomenya ko iyo nzu Peniel Nation isanzwe yarifise uwundi muririmvyi bakora, we banamaranye igihe kitari gito, akaba ari Iry Tina asanzwe ari n’umunyamideri, aheruka kugaruka mu muziki inyuma y’igihe kingana n’imyaka yababa 2 ataboneka ku rubuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036