Inkino

# Youssuf Nyange niwe mukinyi wa mbere yaguzwe amafaranga menshi muri Malatyasport

 

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Youssuf Nyange niwe mukinyi wa mbere Umugwi Malatyasport wo mu cicaro ca mbere muri Turky wagurishije amafaranga menshi gusumba abandi kuva uwo mugwi ushinzwe .

 

Mu kiganiro yarokanye na Indundi Tv mu misi iheze , Ndayishimiye Youssuf yavuze ko yashimishijwe cane no kubona ariwe mukinyi wa mbere wa Malatyasport igurishije amafaranga menshi.

Malatyasport yari yamuguze imukuye muri Aigle Noir kuma Euro ibihumbi mirongo ine 40,000€ ica imigurisha mu mugwi Instabul Imiriyoni 2,5 zama Euro .

Mwomenya ko Youssuf Nyange gushika muri kano kanya ariwe mukinyi wa mbere w’umurundi ashobora kuba ahembwa amafaranga menshi gusumba abandi bivanye n’ingene muri Turky ata kori umukinyi arihishwa bitandukanye n’ibindi bihugu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037