Amafaranga ashika ku miriyoni 90 z’amarundi niyo mafaranga Faundation Burundi Pax yakoresheje mu gutegura igikombe citiriwe Umuhisi Prezida Petero Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi .
Ivyo bikaba vyashikirijwe na Honorable Reverien Ndikuriyo aramutswa ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB mu birori vyo gusozera ihiganwa rya Primus league 2020-2021.
Honorable Reverien yarasubiye avuga ko iryo higanwa Nkurunziza Cup ari ihiganwa rifise intumbero yuko amahera yose azorengako ari amahera yo gufasha ibikorwa Umuhisi Prezida Petero Nkurunziza yasize atarangije .
Akaba yasubiye avuga ko yibazako igikombe ca Nkurunziza Cup bazoronkamwo Imiriyoni hafi amajana abiri 200,0000 zo gufasha ibikorwa Prezida Nkurunziza yasize ataragije .
Mwomenya kandi ko ku ntwaro y’umuhisi Prezida Nkurunziza Uburundi bwungutse ibintu bitari bike nko kwitabira amahiganwa mpuzamakungu ya CHAN ya bakiri bato na bakuze , amahigwa ya CAN , ibibuga bitari bike vyarubatswe mu Ntara zo hagati ndetse n’ibindi .