IKIRUNDI_news

Sat-b yoba adahindura agahamagazo abamuha akazi badahinduye?

Sat-b bimwe muvyo akora yoba arabira ku bamuha akazi canke bamwe mubo bagendana. Ivyo nivyo nyishu uca wiha neza neza usomye imwe mu nyishu uwo muririmvyi yahawe umwe mu bamukurikirana ku rubuga rwa Facebook aho yamubwira ko agahamazo afise gahumuye.

Uwitwa Jean Claude yagiz ati : “ Iyo phone n’incakara lakini king twemera kweli? Badilisha kiukweli.” Ntivyatevye gose, uwo muririmvyi nawe yaciye amwishura, aho yamubwiye ko abatunzi bagendana n’ab’abamuha akazi bose ngo ata numwe atunze iyirenga iyo afise nawe. Yagize ati :“ Jean Claude Aba Boss tugendana bose eka n’abampaye akazi nta numwe afise iyirenze iyo. ”

Kuri iyo Post aho vyaboneka ko ariko amenyekanisha kimwe mu bibanza bishobora kuba ari bishasha mu gisagara ca Bujumbura,   impari ni zose ku kumenya nimba agahamagazo kabonetse kametse canke katamenetse.  Bamwe bakaba bavuga ko kamenetse mu gihe abandi bavuga ko ikiboneka ari impuzu yambaye ifise imirongo yirabura, bica bituma agahamagazi kaboneka nk’akamenetse.

Ivy’iyo photo bikaba bibonetse inyuma y’ukwumvikana kw’inkuru yuko Sat-b yoba yahaye akaganuke umukunzi wiwe Belle Nice k’imodoka ifise agaciro katari hasi y’imiliyoni 100, ariko iyo modoka kandi ikaba ibandanya iboneka mu bibanza bitandukanye Sat-b aba arimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037