Diasporadiaspora promoteddiaspora youthIKIRUNDI_newsNews

#Tuvugane|Urwaruka ruba muri America rwagiye hamwe kugira rutere mw’iterabere ry’Uburundi

Hano mu gihugu cacu biraboneka ko imyiteguro yo guhimbaza isabukuru y’imyaka 59 Uburundi buhawe intahe yo kwikukira ikaze cane, na cane cane mu nzego z’umutekano, aho ni mugihe muri America urwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe Tuvugane imyiteguro yo guhimbaza uwo musi nabo igeze kure ngo naho bari mu makungu nabo bazokwifata nkuko bari mu gihugu.

Tuvugane ni ihuriro ry’urwaruka rw’abarundi ruba ku mu gabane wa America rwagiye hamwe kugira rurabe uko rwoterera mw’iterambere ry’Uburundi igihugu c’amavukiro nkuko tubishikirizwa na Amose umwe mu baritanguje.
Ngo ”ubugirigiri bugira babiri”, gushirahamwe inguvu, ubuhinga n’ubumenyi vyabo nico babonye ko ari ntasubirizwa mu kuzofasha mw’iterambere ry’Ubwanyaburunga.

Urwo rwaruka rukaba rwafashe ico gikorwa nk’amahirwe kuribo yo guhura kugira rushike kuco bifiza , nayo uwo musi mukuru bakaba bazowuhimbariza muri Amerca nkuko boba bari i Burundi.

ibirirori bikaba bitunganije ku magenekerezo rya 2 gushika kuya 4 Mukakaro, bakazogira ibihe vyiza nk’abari mu  gisagara ca Bujumbura, mu ntara ya Gitega no mu Rumonge.

Ivyo bikazokorwa ku mu gabane wa America mu gihe hano mu gihugu cacu hazoba hatunganirijwe indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga diaspora mu mpera za Mukakaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 40