IKIRUNDI_news

Diamond platnumz yayamanitse ngo nta mahera yo kugura Rolly Royce agira

Nasibu Abdoul Juma Issak benshi bazi nka Diamond Platnumz uno musi abarizwa ku mugabane wa amerika aho yajanywe n’ukwitabira urubanza rw’itangwa ry’ubushimwe bwa BET Awards, yashize amaboko hejuru aho avuga imodoka ya Rolls Royce ata bushobozi afise bwo kuyigura.

Ivyo akaba yabishikirije muri Commentaire ku rubuga rwiwe rwa Instagram aho yari yashize ahabona ishushe indirimbo yiwe iriko iramenyekanishwa muri Amerika mu gisagara ca New York mu kibanza bita Time Square.

Mu bagize ico bashikiriza kuri iyo Post yakoze, harimwo Manager wiwe Sallam Sk aho yamusaba kugura Rolls Royce areke kuguma ashira kuri Instagram amatangazo gusa. Uwo muririmvyi yahavuye nawe yishura ko bidakunda ko ayigura kuko ata bushobozi bwo kuyigura afise.

Uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe abatari bake babandanya kuvuga ko Diamond atarakwiye kugura imodoka 2 zisa ziri mu bwoko bwa Cadillac Escalade, ariko ngo yari kugura imodoka imwe yok u rwego ariko, nukuvuga imodoka zasohotse muri uno mwaka wa 2021.

Mwomenya ko izo modoka 2 zije zisanga izindi zitari nke zikomeye nazo zibarizwa muzo Diamond asanzwe agendesha, izo nazo ni nka BMW, Landcruiser V8, n’izindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037