IKIRUNDI_news

Sat-b na Kent p ngo barafatanije mu kwambura Miss Erica utwo yabiriye akuya

Sat-b nawe ngo ari mu bafatanije na Kent-p mu kumusahura utwo yabiriye akuya, Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Miss Erica ubwiwe kuri micro z’umukubito.

Mu kiganiro yahaye mugenzi wacu akorera Buja Fm n’imboneshakure umukubito Tv ku rubuga rwa Youtube, Juste Gael, Miss Erica yavuze atarya umunwa ko na Sat-b nawe ari mubo yikeka ko ari mu bafatanije na Kent-p. Ivyo akaba abivuga yisunze ko ngo uwo muririmvyi akaba na CEO wa Empire ataco yakoze ngo ahuze abo babiri vyitwa ko afise musi y’uburongozi bwiwe.

“Kent p ndavyemeza yuko atari wenyene. Ndeke kuguma ngira umutima wa ki muntu, ndibaza ko iyaba na Brother Sat ataco abiziko, canke avuga ati reka ngerageze kubafasha nk’umurongozi wanyu, canke nka mukuru wawe basi na Kent p ari musaza wanje, reka ndabahuze, ndakurondere Erica twicare ahantu tugerageze guheza iki kibazo. Nukuvuga nimba atabikoze, barafatanije. Mumbabarire sindagushinjije ariko ndavyibaza cane.”

Ivyo akaba bishikirije mu gihe kuri Facebook co kimwe na Instagram vya Sat-b habonetse Post aho amajambo yanditsweko vyabonetse neza cane ko Sat-b ari ku ruhande rwa Kent-p. Uwo muririmvyi akaba yanditse amushimira ko atazomuva inyuma ngo nuko yaronse abandi bantu bamushigikira.

“Komera Bro Kent-p jewe sinzoguhemukira eka urabizi n’abakire baje kukunkurako narabirukanye n’utwabo ndabatekerera dusigara turarira ibigori kandi twari dukize, dutangura gushasha kandi ndizera abafana ko batazoduhemukira naho kenshi baja aha bihiye. (Satubi).”

Ico kibazo kikaba gishobora gutorerwa umuti mu butungane, naho Miss Erica we yipfuza ko cotorerwa umuti kitaragera kure.

Muri ico kiganiro akaba yahavuye anamenyesha ko urubuga rwiwe rwa Instagram narwo rwamaze gufatwa inyuma y’izindi nka Facebook na Youtube zamaze gufatwa bugwati na Kent-p bari bagize imisi bariko bakora, ariko kandi yagiriza kumwiba amahera angana n’6,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037