IKIRUNDI_news

Ivya dote ya Romeo vyabaye ibanga ariko ubugeni tuzomenyeshwa

Romeo aramutswa ishirahamwe ry’abaririmvyi (amical des musiciens du Burundi) yaraye asavye umugeni, ntibwari ubwambere yitwa se rugo ariko ivy’urukundo ni akayoberabahinga nawe yavyisanzemwo.


Urugendo yatanguye ntirwamubereye amarame bahitamwo kuvavanura nuwo yita nyina w’ibibondo

Romeo akaba yemanga ko ari ubugira kabiri atanga
inkwano aho yasubiye kuzitanga kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2021.

Vyabaye nk’ibanga nubwo atawunyegeza umwotsi inzu yahiye.

Aherekejwe n’abagenzi biwe nka Willy,Paci Nzitonda n’abandi ibirori bikaba vyabaye nk’ibirori.

Indundi magazine ikaba yashatse ku menya isango nyezina y’ubwo bugeni Romeo akaba yamenyesheje ko twotenyenya vuba bizomenyekana bitazoba ari ibanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037