IKIRUNDI_news

Ivya Bantu Bwoy, Kirikou na Double Jay ngo babiteye akagere

Abaririmvyi babiri Double jay hamwe na mugenziwe Kirikou, ngo bazokwama ari abo mu muryango, ivyo nivyo umuririmvyi Big Fizzo yashikirije muri uku kwezi kwak 6 aho yariko aganiriza abakunzi b’ibikorwa vyiwe bamukurikirana ku rubuga rwa Instagram.

Naho yavuze uko abantu batandukanye baribajije cane impamvu abo baririmvyi uko ari babiri batabashije kuboneka mu gitigiri c’abaririmvyi bazoba bari mw’isabukuru ry’ukwigina isubizwa ry’intahe y’ukwikukira.

Mu kiganiro Bantu Bwoy bahaye abandi n’abamenyeshamakuru, Big Fizzo yabajijwe impamvu abo baririmvyi bataboneka muri ico gitigiri, noneho nawe asigura icateye kutaboneka kw’abo baririmvyi muri iryo sabukuru.

Kirikou we ivyiwe ngo biri ku murongo kuko ivy’umuziki yabishize hasi, nayo izi mpapuro ndangabiteramo (Affiche) abonekako ngo n’ububeshi ntibigeze babiganirako, nkuko Mugani yabivugiye imbere y’abamenyeshamakuru. Ivyo akavuga ko yabibwiwe na Kirikou ubwiwe aho yaganira nawe.

ʺKirikou baramuhamagaye aravuga ati jewe n’umuziki narawuhevye, ntiyanse ngo ngo urabona sinza, muga yavuze ko umuziki yawuhevye. Nanje nkibona Post yiwe naciye ndamwandikira eeh kumbe wa muziki waruwuhevye canke? Ngo ivyo bintu vy’ama Post je ntavyo nzi ngo ndiko ndarondera aba bantu babigize.ʺ

Ku ruhande rwa Double Jay ngo yararondewe bikomeye n’uburongozi bwa Bantu Bwoy, Manager, ariko ngo ntibarabasha kumutora, ngo bikaba binashoboka ko yoba yaranamushize ku rutonde rwirabura (Blacklist), gutyo ngo baba barababuze.

ʺ Double Jay we ngira yaramublotse Manager ʺ

Big Fizzo yamenyesheje ko abo baririmvyi 2 ari nabo baririmvyi 2 bashobora kuba bararondewe imbere y’abandi bose kugira bashirwe ku rutonde rw’abaja muri ivyo biteramo.

Mwomenya ko abo baririmvyi uko ari 2 bahagaritse ubufatanye n’iyo Label aho bamenyesha ko bashima kuja kwiyaranja ku ruhande rwabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037