IKIRUNDI_news

Christian yamenyekanye hampande ya Fortran yambitse umukunzi wiwe impeta

Irimbere Jean Christian benshi hano iwacu bamenye mu murwi The Worshippers wari urongowe n’umuririmvyi Fortran Bigirimana, ngo agiye gushing urwiwe I Kigali.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe nuko uwo muririmvyi yambitse impeta umukunzi wiwe Semutakirwa Cheline kuri uyi wa 28/6, nayo ivyo kubana burundu ngo ntibizorenga muri uno mwaka wa 2021.

Uwo muririmvyi akaba yamenyesheje mu kiyago yagiranye n’ikinyamakuru Igihe ko ico yakundiye umukunzi wiwe ari uko Imana imurimwo, kuko atashimye kuraba nkuko abandi bose baraba, aho baraba ibiri inyuma.

Christian akaba muri kino gihe akorera ibikorwa vyiwe vy’umuziki I Kigali, kuva mu mwaka wa 2016. Kuva ico gihe akaba amaze gushira ahabona indirimbo 6, zirimwo zimwe zimwe zakunzwe cane nka Ndi hano, Ni umugabo canke Obrigado.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037